Devenir notre partenaire Créez votre emploi avec nous Votre avis sur nous


A La Une
Le PND 2018-2027: Conscience de l'Etat Nkozi - l'Etat Mvyeyi du Septenat 2020-2027
 

Ijambo rishikirijwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi risozera umwaka wa 2021 ushira uwa 2022

Uyu mwaka uzotubere umwaka wo kurushirizaho kuzirikana Igihugu cacu, duce ubwenge, duhinduke kandi duhindure ibintu, dukunde igihugu tugikorere kuruta uko twahora, tugize urunani rw’intamenwa mu bikorwa vyose vy’iterambere.

Imana yacu nihabwe icubahiro yo yama na ntaryo irongora, ikamurikira Uburundi, ikaba yabanye natwe mu mwaka urangiye, itweretse n’uyu tugiye kwinjiramwo, nininahazwe imyaka yose.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’Igihugu cacu,

1. Muri iri joro, mu gicugu hagati, turasezera umwaka w’2021, twinjire mu bihe vy’akanyamuneza k’umwaka mushasha w’2022.
Munkundire rero tubanze dushimire cane Imana Mushoboravyose yadushikanye muri iki gihe ciza nk’uko twari twayibisavye tugitangura uyu mwaka w’2021, nk’aya mango nyene.
Reka mbere twongere dusubire tuyizambe ize ibandanye ituguma hafi muri vyose na hose muri uyu mwaka dutanguye w’2022.

2. Mu gihe c’akanyamuneza nk’iki, aho Abarundi bose bariko baripfurizanya umwaka mwiza, baririmba, bavyina, batamba batarika, na jewe sinohara mu kwipfuriza Abarundi bose, aho bari hose, umwaka mwiza, umwaka w’amagara meza, umwaka w’ibikorwa vy’iterambere.

Uyu mwaka kandi uzotubere umwaka wo kurushirizaho kuzirikana Igihugu cacu, duce ubwenge, duhinduke kandi duhindure ibintu, dukunde igihugu tugikorere kuruta uko twahora, tugize urunani rw’intamenwa mu bikorwa vyose vy’iterambere.

3. Turazi ko benshi bamaze kwinjra mu kanyamuneza k’umwaka mushasha, ariko kandi turazi ko hari n’abandi uyu musi ushitse bari mu bibazo vy’ubuzima.
Abari ku musego, turabipfurije gutora mitende vuba ; abari mu ngorane zitandukanye na bo tubaremeshe tubabwira tuti : Nta mvura igwa idahita, bizere Imana yo ihindura ibihe n’ibintu, aho waririye ukaharirimbira, gurtyo bareme.
4. Uyu mwaka tuwutanguranye intumbero yo kugarukira ubutunzi bw’igihugu, turabe ko igihugu cacu na co kitoguma candikwa mu bihugu bikenye kw’isi kandi Imana yaraduhaye ingabire zidasanzwe.
Ni muri iyo ntumbero twitiriye uyu mwaka : “UMWAKA W’UBURIMYI MU BURUNDI”.
Tuwutangure tuzi ko icivugo kizoduherekeza ari iki ngo : “Uburimyi, soko ry’ubutunzi bw’igihugu”.
5. Turipfuza cane ko uyu mwaka woba uwo kwivyukiranya, tugakamisha ubutunzi kama Imana yaduhaye ari bwo : iyi si tubayeko, ibiri kuri yo hamwe n’ubutaka bwayo.

Dufise ivu ryiza ry’akatabonetse, dufise amazi yiburuka mu mibande no mu migezi, dufise ikirere kivamwo imvura, akazuba n’akayaga vyiza ; dufise kandi n’Abarundi bazi ko uwutarima atamira.
None habuze iki ngo igisata c’uburimyi kitubere umushinge w’iterambere mu gihugu ?
Haba na mba, ntakibuze, ni dukubitize agatima mpembero, tuje i Bweru, twibuke ubwenge, dukure amaboko mu mpuzu kuko ntawe Imana yahaye yicaye.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’igihugu cacu,

6. Uyu mwaka mushasha twitiriye uw’Uburimyi mu gihugu cacu udusanze duhagaze neza, turi ku kivi, turima, tworora ; udusanze turiko turashira mu ngiro imigambi twiyemeje muri Reta- Mvyeyi, Reta-Nkozi ishingiye kuri rya hangiro twiha, ko umunwa wose utegerezwa kuronka ico ufungura, umufuko na wo ukaronka amahera yo kwikenura.

7. Iki gisata c’uburimyi ni co twasanze ari co koko mushinge w’iterambere kuko ni co gitunze abantu benshi, gifise n’ubuzi bwinshi.

Uburimyi ni ryo tanguriro ry’iterambere kuko busaba umutahe mvukanwa, umutahe w’akame, busaba amagara n’ishaka ahanini.
Kurima ni ihinguriro rikomeye ritigera rihomba, kuko, kuri iyi si nta n’umwe adakeneye umurimyi. Naho woba wishoboye gute, vyose ni mu nda nk’uko Abarundi bakunze kubivuga ngo : “hakora mu nda”, “ubwiza buca mu nda”. Isi rero ni umutahe ukomeye ata wawukamishije yahomvye.
Ufise ishaka ryo gutera imbere, urashobora gufata ingingo uti :”Ntanguje isuka ariko nzoruhuka nshitse kw’itingatinga”, kandi bikaba uko.

8. Turashimishwa n’ibiriko birarangurwa mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, kuko biboneka neza ko Abarundi bamaze gutahura kandi bariko barabona akarusho kadasanzwe ku bijanye n’umwimbu w’uburimyi.
Mu myaka yahera imyaba yahungabanamwo urufunzo n’urukangaga, ariko ubu ihungabanamwo imbuto z’ubwoko bwose.
Uno musi ya micamo n’inyovu ku mitumba ntibikiri uburagiro bw’inka gusa, ubu isharijwe n’imirima ihungabana,
uwuyibonye akibaza igituma ivyo bintu bitakozwe kera kandi twari dufise incabwenge zaminuje mu bijanye n’uburimyi.

9. Ivyo rero ntibibatangaze canke ngo bibatirimutse. Tubikesha amahoro, umutekano n’impore Abarundi twaronse twararushe.
Ico gihe ntawari azi kurondera ivyo azofungura ejo kuko twari ba buca mpunga. Twavuga ngo : “Amavuta y’umugabo ni ayamuraye mu nda”.
Abantu benshi birukira aho bakora ku kwezi bakaronka impembo. Uburimyi na bwo babuhebera ba nyarucari, ababuze uko bagira. Uretse ko abo na bo ata buhinga babikorana, barimira ababo mu muryango gusa.
Vyari bimaramaje kuko umurimyi ni we yitwa umukene. Ubu rero dushaka guhindura ibintu, umurimyi ategerezwa kuba umutunzi.

10. Uko ni ukuri kuko ubu Abarundi twararonse umuzirikanyi mushasha, bukebuke turiko turatoha, ntawugitinya kwirenza umushike ngo arime hanini, aronke ivyo afungura n’umusesekara wo gushora mw’isoko.
Uno musi Abarundi baramaze kumenya ko bapfana iki barutwa na bamariraniye iki, kandi ko nyamwigendako atarimira impeshi, maze baja hamwe mu kibiri bakaduza ikivi.
Ayo mahoro yatuzaniye vyinshi kuko ntawari bwamenye ko ufatanije itongo na mugenzawe ariho mwimbura vyinshi.

11. Mubimenye kandi, uburimyi n’ubworozi bigenda bibangabanganye kuko ni magiriranire.
Ubu tugeze mu gihe co kuzana ibitungwa bishasha kugira tunagure ivyabaye amacugane, twongere tubigwize kugira tuduze umwimbu mu bijanye n’ubworozi.
Ivyo ahanini murazi ko tubicisha mu runani rw’abasangiye urugendo mw’iterambere.
Ndetse, muri ubwo bworozi ntidusiga inyuma ibijanye n’ubworozi bw’amafi aho bishoboka. Tugashima ko hari n’abamaze kumenya kwororera ifi muhira, bakoresheje amazi y’imvura.

12. Muri uyo mugambi wo guteza imbere uburimyi, kubera twari twarasamaye, twarabonye agahaze. Ako nako gahagaze kw’itituka ry’isi, kubura imbuto zirobanuye no kurima ubwoko buke bw’ibiterwa.
Ni muri iyo ntumbero twashize imbere umugambi wo gusahiriza abarimyi, mu gusubiza akanovera isi no mu gutegekanya mu kigega c’igihugu intererano y’ibice mirongo ine kw’ijana vy’amahera abarimyi bategekanya mu kuriha umwavu wo gutabira imirima yabo.
Ku bijanye n’imbuto zirobanuye, turiko turanagura ikigo ISABU kugira kiduhingurire imbuto nziza kandi zimbuka congere gisesangure kirondera izindi mbuto nshasha zishobora kwimbuka cane mu Burundi,
vyaba ivyamwa, ibinyantete canke ivyamira mu kuzimu.

13. Uburongozi bw’igihugu na bwo, bubandanya kwigisha abahinga bafasha abarimyi mw’irima ryo muci mu myonga no kuvomera ku mitumba, irima ry’agatasi n’iry’impeshi. Hambavu y’abo bahinga, uburongozi bw’igihugu bwarateye intege amakoperative n’abarimyi bemeye gushira hamwe amatongo.
Ivyo vyatumye amatongo y’igihugu yahora ataco akora, atizwa amakoperative n’abandi bagwizamwimbu muri wa mugambi wo guhindura ahari ivyatsi bitaribwa hagaterwa ibiribwa.

14. Mu bijanye n’ibidukikije, ntitwibagiye ko isi tutayikingiye yotujana tubona, ni co gituma tuguma duhimiriza iterwa ry’ibiti vyo gukingira isi, duciye muri wa mugambi EWE BURUNDI URAMBAYE, guca imikobeko kugira ngo tugwanye inkukura twongere tuziganye amazi y’imvura.

Mubimenye rero, uno musi, dushitse aho imvugo ijana n’ingiro mu nzego zose. Ni co gituma umusi wa kane mu ndwi wahariwe ibidukikije, tuwugira umusi w’ibikorwa rusangi wo gukingira ibidukikije.

15. Ikindi dutegerezwa kwitwararika kugira duteze imbere uburimyi, ni ukubungabunga amazi ava mu masoko akwiragiye mu gihugu cacu.
Musanzwe muzi ko ata mazi yinjira mu Burundi avuye mu kindi gihugu, dutegerezwa rero gukora ibishoboka vyose ngo tubungabunge ayo dufise. Duce imikobeko ku buryo amazi y’imvura ashika mu mwonga abanje kunyengetera mw’isi.
Ntitwipfuza kwumva Abarundi bidodomba ko amazi y’imvura yabaye ingorane kuko adutwara imirima n’amazu. Ni kuri iyo mvo duhimiriza abenegihugu kwimba mu ngo zose ibinogo bishobora kubika amazi y’imvura, ayarenzeko nayo anyengetere mw’isi ntatware amazu y’ababa hepfo yacu.

16. Muri uyu mwaka dutanguye, turipfuza ko agahaze kose kova mu nzira mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu cane cane mu gisata c’uburimyi.
Nitwabona Abarundi bose bahurumbira uburimyi, tukabona amatongo yose asharijwe n’ibiti n’imirima, ata nkukura igitwara ibiterwa vyacu ;
Nitwabona isi yacu yagarukanye uburyohe, ibiterwa birimwa bigatanga umwimbu ukwiye, tukaronka imbuto irobanuye ku rugero rukwiye, ndetse tukarima imbuto zose ziba mu Burundi ;
Nitwabona kandi abagwizatunga bavuye hasi bakarima bakongera bakubaka amahinguriro, niho tuzovuga ko Uburundi bugeze ku yindi ntambwe, butanguye umurindi w’iterambere.

Barundi
Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

17. Murumva ko Uburimyi, tubugize umushinge, buzotuma dutekana turonke ivyo dufungura n’umusesekara wo kujana kw’isoko ngo twikenure.
Ariko n’ibindi bisata ntivyosigara inyuma ; ni ngombwa ko tuvyitwararika kuko ubuzima bw’igihugu ni nk’ubuzima bw’umuntu. Ntagihimba c’umubiri kimera neza ibindi bihimba bigwaye.
Ni co gituma tudashaka ko hari igisata gisigara inyuma.

18. Duhereye ku bijanye na poritike, dutangurire mu gisata c’amahoro n’umutekano.
Barayamaze ngo : “Amazi asumira kw’ibuye”. Umutekano, amahoro, ni kamwe gahara mu ruganda ntibacure.
Ni vyiza cane ko mu gihugu cose hari impore, hatekanye. Ariko kubera ba rwankabiyago, bama barota ikibi, ni ukwama turikanuye, umwe wese aho ari, ahamagarirwa kuguma ari inderetsi y’abajejwe umutekano.
Ku bitwerekeye tuzobandanya duhimiriza abenegihugu kubandanya bakorera muri ya nyabune igizwe n’abajejwe umutekano, abajejwe intwaro, abajejwe ubutungane n’abenegihugu.

19. Muri iki gisata kandi, turabona ko bikenewe ko Abarundi baguma bakangurirwa umuzirikanyi mu kuronswa za nyigisho zo gukunda igihugu no guhindura ingendo kugira bagire umuzirikanyi ubona, bamenye ico bafitiye uburenganzira n’ico bategerezwa.
Birakenewe kandi ko twese tumenya uburongozi ico ari co, ico abarongozi babwirizwa gukorera abenegihugu, bakamenya ko kuja muri poritike atari ikiraro co gushika ku maronko yabo ahubwo ari ugutunganiriza ababashikanye muri ivyo bibanza.

20. Izo nyigisho twarabonye ko indongozi zizikeneye kugira ngo dutsimbataze intwaro ibereye n’uburongozi bwiza, kuko biragaragara ko igihugu twari twarakigize imbuga y’abahangana barondera kwigarurira ivy’igihugu, abenegihugu barorera kandi ari bo benevyo.
Ivyo bikaba ari vyo vyateye umudugararo mu gihugu, bigatuma uwushikiriye ubutegetsi adashaka kubona abamwagaganya, bikandurukiramwo ubwicanyi butagira izina bwagiye buraba mu gihugu.
Ubu rero turi mu nzira yo guhindura ingendo kugira uwukorera igihugu wese amenye ko ari umusuku w’abenegihugu.

21. Muri iyo ntumbero kugwanya igiturire, akarenganyo na ba kaboko twabigize ivyacu.
Ni vyo, si urugamba rworoshe guhindura umutima w’abantu, kuko na Mutima mweranda hari abamunanira, ariko ntituzotezura, tuzogumako gushika tuvyumve kumwe.
Igihambaye ni uko abo ako kabi kibonekejeko, bategerezwa guhanwa, bagacibwa mu ndongozi. Ari na vyo twatanguye gukora ku bimonogoje.

22. Ico tugiye kwihutira ni uko mu gutsimbataza intwaro ibereye no kugwanya akarenganyo tugomba gushira mu ngiro bimwe bishemeye wa mugambi wo kwegereza uburongozi abenegihugu kugira baronke abo bitura badatamye.

Dushaka ko ata gisata na kimwe mu gihugu gisigara kitagiye hafi y’abenegihugu mu makomine kugira ubushikiranganji bwose bugire ico bukoreye ikomine yose.

Indongozi zose rero nizitegure, zumve ko zitegerezwa kwegera abo zitunganiriza. Uwutavyumva uko na we, vyomubera vyiza abaye arakinjura ataramaramaza abazomutuma aho bukera.

23. Abenegihugu bose tubwirizwa kwumva kumwe ko igihugu n’itunga ryaco ari ivya twese, tukarirereka ata n’umwe avuyemwo ; Indongozi irenganya na yo igashengezwa.
Birasaba ko abenegihugu bose bagira uruhara mu bijanye n’ubuzima bw’igihugu, bakaronka akaryo ko kunegura ibibi no guterera ivyokorwa ngo igihugu gitere imbere.
Ni na co gituma, duherutse gutunganya umwiherero w’abagize urwego nshingwabikorwa rw’igihugu, aho twarabiye hamwe intambwe tugezeko mw’irangurwa ry’imigambi twemereye abenegihugu mu bisata bitandukanye.

24. Muri iyo ntumbero yo kuja inama mu bikorwa vy’iterambere, tutokwibagira n’inama idasanzwe y’imisi ibiri yatunganijwe aha mu gihugu, yerekeye iterambere ry’igihugu cacu, yahuje incabwenge z’Abarundi kugira na zo ziterere igihugu cazo.
Iyo nama yari itunganijwe ubwa mbere mu gihugu cacu, yatweretse vyinshi, itwigisha vyinshi, turabona ko igihugu gifise incabwenge nyinshi zikunda igihugu kandi zishashaye koko iterambere rirama.
Abitavye iyo nama bafunditse ko hokwama hatunganywa inama nk’izo kugira ngo barabe aho uburongozi n’abenegihugu bagejeje mu gushira mu ngiro ivyahapfundikiwe mwakuyu, bongere bige ingene botera iyindi ntambwe.

25. Muri uyu mwaka urangiye, kugira dukoreshe neza intererano z’incuti n’abagenzi b’Uburundi zigenewe abenegihugu, twaratunganije inama ihuza urwego rw’igihugu n’abasanzwe bafata mu mugongo Uburundi, kugira twigire hamwe ingene intererano zabo zobera kirumara abenegihugu. Indongozi z’igihugu ziri kumwe n’abasanzwe bafata mu mugongo igihugu biyemeje kugira integuro imwe y’ibikorwa vy’iterambere, kwama birimbura uko ukwezi guheze mu bisata bakoreramwo bari kumwe n’ubushikiranganji, mu mezi atatu naho bakazokwama bakorana igikorwa nk’ico n’umushikiranganji wa mbere.
Nayo ku rwego rw’igihugu biyemeje kwama birimbura rimwe mu mwaka bari kumwe n’umukuru w’igihugu.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’Igihugu cacu,

26. Mu gisata c’ubutungane, turitwararitse cane gutora umuti ku bituma abenegihugu bidodombera ubucamanza.
Twarabonye amahinyu atari make, amwe ahagaze kuri kahise kabi Uburundi bwaciyemwo, ayandi ahagaze ku mategeko atajanye n’ibihe ndetse n’iyindi myidodombo iva ku bubegito bw’abacamanza bamwe bamwe.

Icibonekeza ni uko urwego rw’ubutungane rwamaze gushinga imizi, utunenge twibonekeza tukaba twaraduhagurukiye.

Ikindi cibonekeje ni uko imanza nyinshi zo mu kibano twasanze ari imanza z’amatati y’amatongo, ingo n’imiryango.
Ni ngombwa ko dukomeza intahe yo ku mugina kuko ku mutumba ariho bazi ukuri kuri mwene ayo matati kandi n’ivyabona bakaba ari ababanyi nyene.
Ubu rero, aho bukera amatora buca atunganywa, dusaba abenegihugu ko botora koko intungane zizobatunganiriza.
Ikindi, ni uko Umucamanza kizigenza ategerezwa kuronka abamwunganira mu gihe abenegihugu canke abacamanza bamwituye, abo na bo bakaba ari bo bagize inama nkuru y’ubucamanza.
Turakenguruka ko haraye hashinzwe abagize ubunyamabanga ntayegayezwa bw’urwo rwego, ubu Abarundi barenganijwe n’abacamanza twararonse abahinga bazobumviriza, bagatohoza kugira ngo inama nkuru y’ubucamanza izokorere ku bintu vyizwe neza.
Ariko rero, turasaba abenegihugu bitura urwo rwego kutageguza ngo bazane muri rwo ibinyoma.
Ndabivuga uko kuko tumaze kubona ko hari Abarundi bafise ingeso yo kutemera gushira aho intahe ishize, ugasanga abriko bararuhisha ubrungozi bw’igihugu.

27. Mu kugorora ibibazo vyo mu butungane nyene, twasanze ko ata gashoboka tudakuye ibirarane vy’imanza zaciwe mu kuzishira mu ngiro ; gushika ubu rero abacamanza bakaba bari ku kivi.

Muri iyo ngendo nyene, ni ku bw’ikigongwe c’umukuru w’igihugu hashoboye kurekurwa abanyororo barenga ibihumbi 2700.
Kubera ingendo Reta mvyeyi yiyemeje, n’ubu tuguma dukurikirana inyifato y’abari mw’ibohero kugira turabe ko hari abahindutse ngo batezurirwe.

Ikindi tugiye kwitwararika ni uko kuva ubu abantu badakekwako ivyaha vy’ubwicanyi canke kwonona ubuzima bw’abantu, bose bategerezwa kuburana bidegemvya. Ni co gituma nciye nsaba abashikirizamanza guca babarekura ubu vuba, hanyuma bazogume bitaba ubutungane bidegemvya.

28. Muri ico gisata nyene, twashaka kumenyesha ko twasanze n’igihugu kirenganywa bigahera amazimayongo.
Hariho abantu banyuruza itunga ry’igihugu, bakanyaga amatongo n’amazu, ndetse bakanyanganya ivy’abenegihugu hanyuma igihugu kikaba ari co kiriha mu kibanza cabo.

Dusaba abashikirizamanza kuburanira inyungu z’igihugu, uwagikoreye nabi canke uwarenganije umwenegihugu akaba ari we ahanwa kuko igihugu ntikimenja. Ivyanyazwe canke ivyibwe na vyo bitegerezwa gusubizwa ni co gikorwa kiriko kirakorwa n’aho Abarundi batari babimenyereye.

29. Ku bijanye n’ubutungane bunywanisha, turakenguruka intambwe imirwi CVR na CNTB ishitseko mu kurangura ivyo ijejwe kuko uravye amabi yakorewe muri iki gihugu, uwo ari we wese yariyumvira ko kubishira ahabona bizotuma Abarundi basubira gucanamwo.
Duhimbawe n’uko bose bategereye ko utara mu nda ugatarura ibiboze ; bakemera bo nyene gushira ahabona ivyabaye.
Tukaba dushimishwa n’intambwe Abarundi bagezeko indongozi, baba abakoze ivyo vyaha canke ababibonye bikorwa,
barya umutima amenyo, bakiyugurura mu gushikiriza ivyo bakoze n’ivyo babonye.
Nkaba nsaba n’abari bagifise ubwoba ko bojijuka bakavuga ivyo babonye n’ivyo bumvise, haba imbere y’1972 n’inyuma yaho kugira turonke ukuri tuzoraga abana bacu, na bo bagire ico bazotinya.

Nitumenye ko igihugu kitagira akahise ataho gitaniye n’igiti gihagaze kitagira imizi. Iyo haje umuyaga, uragihenura.

Mboneyeho n’akaryo ko gusubira kuremesha Abarundi, ko aho ukuri kugeze mu kumenyekana, ni uko twabonye ko ata bwoko bwishe ahubwo uburongozi bubi ni bwo bwatwononeye kuko nta gihugu kirimwo uburongozi n’abagabo nyabo hokwicwa abantu ibihumbi n’ibihumbi ata camira. Ni uko buba bubifisemwo uruhara.

Ubu, Abarundi bogira umwizero kuko nta n’umwe azohanirwa icaha cakozwe n’abandi naho boba ari abavyeyi bawe. Ni nk’uko ata gihano c’ikivunga kigisubira mu Burundi.

30. Mu gisata c’imigenderanire n’ugufashanya n’amakungu, uyu mwaka uheze, twarungutse incuti kandi twarabagariye ubumwe dufitaniye n’ibihugu bigenzi.
Hampande yo gukomeza imigenderanire myiza n’ibindi bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu, turabandanya dukurikirana Abarundi bose iyo bava bakagera mu bihugu barimwo.
Muri vyose igihimbaye kandi gishimishije ni uko tumaze kubona ko benshi muri bo bafise agatima ku gihugu cabo. Ivyo bikabonekera cane cane kubemeye kwikurako karangamuntu y’impunzi, bakemera ko ari Abarundi barangurira imirimo yabo mu bindi bihugu.
Tugiye gukomeza uwo mwumvikano, na cane cane ku bihugu bibanyi kugira twumve kumwe ko turi abazimyamuriro, ko inzu y’umubanyi ihiye wokwihutira kumufasha kuzimya, ahandi hoho na we iy’iwawe yofatwa.

31. Ku bijanye n’amashirahamwe mpuzamakungu yo kw’isi no mu karere, Uburundi buri ku ntambwe ishimishije naho tutaraja ku musozo w’ibiganiro hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya.
Ikitunezereza ni uko mw’isuzuma ry’ingene amashirahamwe mpuzamakungu ashigikira Uburundi mw’iterambere, twabonye ko ishirahamwe rya Buraya riza ubugira kabiri havuye ibanki y’isi yose.
Ivyo bitanga umwizero mwinshi kuko n’ubu turacari kumwe bikabonekera ku cemezo twumvikanye ko ubu tugiye gukorera hamwe mu migambi y’iterambere ry’abenegihugu.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’igihugu cacu,

32. Mu gisata c’ubutunzi, uwu ni wo mutsi w’ubuzima bw’abenegihugu.
Kugira bishoboke ko iterambere ritunganywa, ni ngombwa ko tubanza gusuzuma ivyo igihugu gifise kugira ngo bibe umutahe w’iterambere.
Mbega Uburundi buratunze canke ntibutunze ? Simvuze ubworo canke ubukene kuko iryo jambo ndaryumva nk’igitutsi ku gihugu Imana yahezagije itunga.
Abenshi, mbere n’Abarundi barimwo, bavuga ko Uburundi bukenye. Ikibazo gica gikurikira ni iki : None dukenye iki ? Twakirondeye ryari tukakibura ?
Ni co gituma ababona kure, babona ko Uburundi budakenye ahubwo ko habuze abaja ku kivi kugira itunga Uburundi bufise rivyazwemwo ibitunga Abarundi.
Ndabaremesheje rero, Uburundi si bworo, dufise isi nziza, ikirere ciza, tukagira ubutare n’ibitari bike tworatira abanyamahanga.
Ubunebwe ni bwo budutera ubukene kuko ntavyizana, biraronderwa.
Ikibazo kindi gica gikurikira ni : None Abarundi turashoboye gukora ? Ni twaba dushoboye, habuze iki ?
Nanje nti :”Ego cane, turashoboye kuko turafise amagara akwiye, ubwenge n’umutima wo gishira inguvu hamwe. Igisigaye ni ukuja ku kivi, nakare ngo : ”Umukene adatehaniwe n’amagara ntabura ico yikenuza”.

Uburongozi bw’igihugu buriko bukora ibishoboka mbere bukunganirwa n’incuti z’igihugu kugira ngo bufashe abenegihugu gushobora.
Ivyo ni nko kwubaka amabarabara, kurondera umuyagankuba, kwubaka amavuriro n’amasomero, usanga ahanini dutegerezwa kwikora ku mwenda canke tukikora ku bagenzi ngo baduterere.

Kubiraba abenegihugu nabo, biraboneka ko muri iki gihe bakora kandi bagafungura badasumiye mu bindi bihugu.

Abagwizatunga barashobora kuronka amabarabara bacishamwo ibidandazwa vyabo naho hari agahaze, kuko menshi ashaje ayandi adasize ikaburimbo.
Abenegihugu benshi bararonka aho bakika umusaya kuko nk’uko icegeranyo kivyerekana inzu za nyakatsi zaragabanutse bimwe biboneka kuko hagati y’umwaka w’2013 na 2014, abenegihugu baba muri nyakatsi bangana 23,2%, mu mwaka wa 2019 na 2020, inzu zavuyeko nyakatsi zingana ibice 87%.
Murumva ko uko buca uko bwije tuguma dutera imbere mu bijanye n’uburaro, kikaba ari ikimenyetso mw’iterambere kuko ntawogura amabati abana baraye ubusa.
Uwundi mwizero ni uko, ntereje amaso hirya no hino mbona abantu benshi bari mu rwubako ari co gituma twumva umwidogo ko isima yakenye.

33. Ni vyo ibibura ni vyinshi ; kugira biboneke, ni ngombwa ko dusoromera ikigega c’igihugu kugira na co kituramire mu vyo dukeneye.
Nitwaba rero twipfuza ko Uburundi butunga, Umurundi wese ni akore neza ico ajejwe, abe umugwizatunga, ntidusesagure, uburyo bubonetse bukore kugira buvyare ubundi, turwize ubuzi.
Mu bisanzwe, umurwizatunga yungutse, yategerezwa gukora ibintu bituma agira umwimbu, akawushora mbere hanze hanyuma agatanga amakori n’amatagisi kugira igihugu kigire ikigega co gukora ivyo abenegihugu bose bipfuza muri rusangi.

34. Turateye intege abatangakori n’abakozi bo mu kigo kijejwe gutororokanya amatagisi n’amakori (OBR), kugira umwimbu wame ugenda wiyongera, kuko biraboneka neza ko ibiharuro vyagiye biraduga.
Uyu mwaka kikaba caratoje amafaranga y’amarundi angana na 1 220 105 706 246 kuva mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka gushika kuri uyu wa 31 kigarama. Dusaba abo bakozi ba OBR kudacisha ku ruhande amahera yari kwinjira mu kigega.

Basokuru barayamaze ngo : “Akataretse kaba gasema”. Tubandanya guhamagarira Abarundi bose guhindura ingendo, bahebe kurya ibitagabuye, bavavanure n’ingeso zo kurya utw’abandi no kwigungirako.
Ico mwomenya, ni uko Reta itazokwigera yihanganira abo bantu bari k’urushi bashaka gupfukama mu nda beneburundi.

35. Abenegihugu muri rusangi, tubibutsa na ntaryo kuva mu bunebwe, bige kuguma bakorera hamwe mu makoperative.
Turashimishwa n’intambwe bagezeko yo kuja hamwe mu makoperative kuko nta mutumba n’umwe w’igihugu utagira coperative. Turashima kandi n’inama abenegihugu bo nyene bigiriye yo gushira amatongo hamwe kugira bagwize umwimbu kandi n’abahinga boroherwe mu kubereka ubuhinga bwo kurima kijambere.

Turashima kandi ko mu bahungutse uno mwaka bashika 78.470, abatari bake bashikiye muri uwo mugambi w’amakoperative, ubu bakaba ari abanywanyi bayo. Aha tuboneyeho n’akaryo ko kwibutsa abatarataha mu gihugu c’amavukiro ko bokwikubita agashi bakaza kuduza ikivi mu bikorwa vy’iterambere mu gihugu cabibarutse.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

36. Murumvise ko umutahe dufise atari muto ariko kandi murumvise agahaze.
Ni co gituma mu ntango z’uyu mwaka mushasha twitiriye umwaka w’uburimyi, twobatekerera zimwe mu mpanuro zizobashikana kw’ihangiro ry’ibikorwa vyiza mwiteguriye kurangura mu ntumbero yo kwiteza imbere, gurtyo mushike kw’ihangiro muzoba mwihaye kuko umwe wese ku giti ciwe abwirizwa gutanga intererano yiwe :

- Imbere ya vyose, duteramire amahoro n’umutekano turi ku kivi, turi mu runani rw’amahoro, dushigikira ya nyabune igizwe n’abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane n’abanyagihugu.

- Abarundi bamenye aho bageze ; ku musi wa mbere w’umwaka mushasha twahariye uburimyi n’ubworozi, umwe wese ace inzira y’iyo ashaka kuja kandi abikwirikize.

Dusavye Umurundi wese, umukuru canke umuto, umukozi wa Reta canke uwikorera ivyiwe, ko yokora uko ashoboye kugira agire akarima kiwe. N’imiburi buri avuge ati nzofungura ivyo nsoromye iwanje.

Muri iyo nzira nyene, Umurundi wese ategerezwa kugira rwiwe, umugambi wo gukingira ibidukikije.
Mu bisagara ni bimbe ibinogo binyengetaramwo amazi kugira bakingire ababanyi, batere ibiti cane cane vy’ivyamwa mu mihana iwabo.

Turipfuza ko guhera uyu mwaka, mw’ikomine yose hoterwa n’imiburiburi ibiti bingana n’umuliyoni. Mu miryango na bo bagatera n’imiburiburi ibiti ijana.

Kumwe n’ivyo dusavye abafundi b’indimo ku mitumba ko bokora ibishoboka vyose bace imikobeko kugira ntihagire ima ry’amazi rizoshika mu mwonga ritanyengetereye mu kuzimu.

- Mu gisata c’Uburimyi n’ubworozi turazi ibikenewe ; Ni cane cane imbuto zirobanuye n’ifumbire.
Dukoranye n’ikigo ca ISABU tugiye kwiga ingene tugwiza imbuto mbere tugwize n’ifumbire kuko muri iki gihe Abarundi bose bijukiye kurima turazi ko ifumbire ishobora gukeha.

- Aborozi bagifise amakenga kubera ingingo ya Reta yo kwororera mu mpongore, nibareme, bazonezerwa bahimbarwe n’umwimbu bazoronka mu mwanya muto ; ubwoba bafise ni wa muhini mushasha wama utera amabavu.
Tugiye gukomeza ubworozi cane cane mukuzana ibitungwa bifise amaraso mashasha no kubigwiza kugira tugwanye amacugane atuma umwimbu wo mu bworozi uba muke.

- Dusavye indongozi kuba intwazangabo mu rugamba rwo kurwanya ubukene, zihimirize abo zijejwe mu kubereka akarorero na kare ngo : “Uwuticaniye ntarahurira abandi”.
Bame na ntaryo bibutsa abenegihugu ko ingurane basaba mu mashirahamwe yo kuguranana, ayo bahabwa na Reta mu ma koperative,
ko ari imitahe bakoresha bagaheza bagasubiza kugira ngo abenegihugu bose baze bashikirwe, gurtyo babonye uwugomba kuyonona canke kuyakoza ibitarivyo bamire.

- Turasubiye gutera akamo Abarundi bahunze bacijijanya imitima yo gutahuka mu gihugu cabo, batahe mu gihugu cabibarutse, bibuke wa mwibutsa wa basogokuru ngo : “Inyoni iraguruka ariko ntiyibagira icari cayo”.

- Abarundi twiyemeje gusenyera ku mugozi umwe. Ubu rero tugiye kubishira mu ngiro. Ikigega c’igihugu ni kimwe kandi dutegerezwa kukivomera twese.

Ibisata vyose vya Reta dutegerezwa kwerekana amahera vyinjije vyongere bitegekanye mu mugambi wanditse amahera bizokoresha ku mwaka.
Amahera yose yinjira mu kigega c’igihugu ku mwaka ategerezwa kumenyekana, kandi n’ingene akoreshwa bikaboneka kuko ni amahera y’igihugu.

Kugira ikigega c’igihugu cisununure, Umukozi wa Reta wese tumusavye kuba akarorero mu kurwiza umwimbu mu gikorwa yashinzwe.
Twese Abarundi tuzimbirwe kurondera ubuzima buzira umuzimiza, nakare nta wushimirwa no kurera amaboko abandi bari ku kivi.

- Twese dusabwe kugira urunani rw’intamenwa mu kurwanya ibiturire, mu gucungera itunga rusangi nk’iryacu no mu kurwanya urudandazwa rwo mu binywabi.
Ivyo ni vyo bizoheza bikadufasha kwegeranya uburyo bukenewe bwo kurangura imigambi rusangi y’iterambere.

- Turateye akamo abize ubuhinga bwo guhingura ivyimburwa bivuye mu burimyi, kuguma barondera uburyo bwo guhingura neza no kubika ivyimburwa ntihagire na kimwe kituborana.
Ngiriyeko nsaba abanyamitahe n’abagwizatunga gushira imitahe mu guhingura ivyavuye mu burimyi n’ubworozi, amahanga yose yinovore ivyakorewe mu Burundi.

- Nsavye kandi incabwenge z’Abarundi kuva i buzimu baje i buntu, batangure gukorera igihugu, bitange batiziganya, bavavanure n’agatima k’ubucangero.
Ubu ni igihe co kwivyukiranya, umwe wese akore ico ashoboye, hanyuma tugendere kuri ya ngingo nziza ituma igihugu gitera imbere : “Umwe wese tumukeneyeko ubushobozi bwiwe, umwe wese aronke, ahemberwe ico yakoze”, “ata mwimbu nta mpembo”.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi mwese,

37. Ntitworangiza iri jambo tudakengurukiye inzego zo kwivuna abansi n’izijejwe umutekano, kw’ishaka, ubwira n’ubuhinga bakorana iryo banga ryo gukingira beneburundi kugira ngo bishire bizane, bongere bakore ibikorwa vyabo badakebaguzwa, batekanye, umutima uri mu nda. Turakengurukira abagize urwego nshingwabikorwa rwa Reta ku bwira bakorana ibikorwa bajejwe.

38. Turakengurukiye cane ibihugu, amashirahamwe mpuzamakungu atwunganira mu guteza imbere ibisata bitandukanye.
Turakengurukiye kandi n’amashirahamwe yo ngaha mu Burundi be n’abenegihugu batibagira umugenzo mwiza wamye uranga Abarundi, wo gushigikirana mu bihe vy’ivyago, bakabaserukako bakabafasha mu vyo bashoboye.

39. Turakengurukiye n’abamenyeshamakuru, ku bikorwa bikomeye baranguye muri uno mwaka, aho babaye amaso, amatwi n’umunwa w’abenegihugu, mu gushikiriza amakuru yubaka, afasha abenegihugu mw’iterambere ryabo ndetse arya akara indongozi kugira ziramire abenegihugu.

Bavukanyi,
Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

40. Nagira ndabamenyeshe ko Urufunguruzo rwa kazoza keza turufise mu ntoke, ni uburimyi ; ni uguhingura ivyo Imana yaduhaye, ni ugukamisha ikirere c’Uburundi n’ibidukikije.

Nitwakwirikiza impanuro duhabwa n’abajejwe intwaro n’abahinga b’igihugu, tuzoba duteguye kazoza keza kacu n’ak’abana bacu, maze iterambere ridusage kuko umutahe Imana yarawuduhaye.

41. Muhimbarwe, musangire n’abandi ivyo mwategekanirije umwaka mushasha, ariko ntimusesagure. Murazi ko “inda uyibarira ico wayirarije utayibarira ico wayihaye”.
Munezerwe ariko kandi ntimwibagire guteramira umutekano w’aho muri, kuko umwansi ari we rwankabiyago, ashobora kuduca mu ryahumye agatoba akanyamuneza turimwo.

42. Turangije dusubira kwipfuriza Abarundi bose, iyo bava bakagera, umwaka mwiza w’uburimyi mu gihugu cacu ;
Uzobabere umwaka w’amahoro, amagara meza n’umugisha.

Nihahangame uburimyi mu gihugu cacu,
Imana Mushoboravyose ibazigame mwese,

Murakoze.

Partager cet article sur
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
             
... Suite des enregistrements
             
... Suite des enregistrements
Pour nous annoncer un acteur ou une innovation qui vous marque
© Burundi Net center, Rohero II, Bld de l'Indépendance N°6 - B.P. 6615 Bujumbura - Tél: 79918985 - 69704327 - Mail: info@burundinet.org  
Conçu et Hébergé par Burundi Net